Amakuru ku Mugoroba  - Voice of America

Amakuru ku Mugoroba - Voice of America

By VOANews
Download on the App Store

Amakuru ku Mugoroba - Voice of America episodes

  • Amakuru ku Mugoroba - Nzeli 04, 2024
    Abarundikazi bicuruza mu mujyi wa Uvira bafite ikibazo cy’umutekano.Uganda ishobora kugabwaho igitero cy’iterabwoba. Leta zunze ubumwe z’Amerika na ONU bayiburiye.Gukingira imbasa abana bo muri Gaza birimo biragenda neza n’ubwo intambara idahagarara.
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Nzeli 02, 2024
    Kongo yashinguranye iteka ibisigarira vy'impunzi 200 zazize intambara, inzara n’imyuzure. Nijeriya yagirije abantu 10 ivyaha vyo guhemukira igihugu. Abategetsi batandukanye bo muri Afurika bari mu Bushinwa mu nama yo kuraba ingene imigenderanire y’ico gihugu n’umugabane wa Afurika itezwa imbere
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 30, 2024
    Bamwe mu Barundi basaba kuronswa amazi meza kugira bashobore guhangana n’ikiza c'ibihara vy’inkende. Abarimu bo mu gisagara ca Goma bakoze imyiyerekano basaba kongerwa umushahara. Muri Uganda abajejwe umutekano batanguye iperereza ku muntu basaganye uduhanga tw'abantu 24.
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 29, 2024
    Mu Rwanda, umuryango w’uwitwa Uzziel Ntakirutimana aba mu murenge wa Remera, mu karere ka Rutsiro ushaka kumenya irengero rye. Abahitanywe n’Imvura y’isegenya imaze indwi zibiri irwa muri Nijeriya, barenze 175. Uburusiya bwashize Abanyamerika 92 ku rutonde rw’abantu batemerewe kuja muri ico gihugu.
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 28, 2024
    RDC: Urukiko rwa gisirikare rwahanishije abasirikare umunani igihano cyo kwicwa
    Amerika na Canada bahagaritse by’agateganyo kwimukirayo kw’impunzi z’Abanyekongo bava mu Burundi kubera icyorezo cy’ibihara by’inkende
    Abasenateri babiri b’Amerika barasaba NBA guca umubano n’u Rwanda
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 27, 2024
    Abahunze intambara mu burasirazuba bwa Kongo, barambiwe kuba mu nkambi bategereje impfashanyo. Esipanye izaha Afurika imfashanyo y’inkingo 500.000 z'ubushita bw’inkende. Abakora ubutabazi muri Sudani barashakisha abarokotse, nyuma y’uko amazi y’imvura asenye urugomero, agateza imyuzure ikomeye.
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 26, 2024
    Mu Burundi abanyagihugu b’iBujumbura bugarijwe n’ikena ry’amazi meza.
    Tanzaniya ipfunze impunzi z’Abarundi zirenga 70.
    Ubushinwa bwiyamye Amerika ku bihano iheruka ku bufatira
    Irani yagabishije ko ibwirizwa kwihora Isirayeri kw’iyicwa ry’indongozi w’igisata ca politike mu murwi wa Hamas
    30 min
  • Amakuru ku Mugoroba - Kanama 23, 2024
    Umugambwe w’abademokrate waraye usozereye inama yawo rukokoma mu gisagara ca Chicago muri reta ya Illinois.
    Ikigega mpuzamakungu citaho abana, UNICEF, gihangayikishijwe n’umuvuduko w’ubwandu bw’ibihara vy’inkende muri Afurika.
    Sudani yasubiye guterwa na Korera
    30 min

About Amakuru ku Mugoroba - Voice of America

From the publisher's feed

Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Amakuru ashyushye yo mu Rwanda, mu Burundi, muri Afurika no hirya no hino kw’isi. Aha tubaha n’ubusesenguzi ndetse n’ibisobanuro byihariye ku makuru agezweho.