😏 Ababiligi ntivyabagoye kwinjira mu gihugu c’Uburundi. Mu myaka ya mbere, igihugu bacifatiye vyoroshe. Na rirya bari barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu, babanje kwiyeza, bariyorobeka gushika aho Abarundi bahinyuriye ko ata Mudagi ata Mubiligi, bose ari abakoloni 🙄
Ikiyago c’uno musi, kidusubiza muri Rusama 1922, igihe umwe mu barongoye imigwi yagerageje kurwanya abazungu ngo ntibigarurire Uburundi, uwitaziriye Runyota, yatanguza urugamba rwabaye intibagirwa 👌🏾 #YagaPodcast #kahise