Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku nama bamwe bavuga ko yari rukokoma, canke ibiganiro vyari bifise intumbero yo kuronderera inyishu ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.
Intumwa zirenga 200 zari zaserukiye imigwi yitwaje ibigwanisho, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politique hamwe n’abarongoye abandi mu mibano, baturutse mu ntara za Kivu y’epfo, Kivu ya ruguru, Maniema, Ituri hamwe na Tanganyika zamaze hafi indwi yose i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya.
Ivyo biganiro vyari biyobowe n’uwari perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, Umuhuza w’ishirahamwe ry’akarere k’ubuseruko bwa Afrika mu matati y’abanye Congo.
Iki kiganiro mwagiteguriwe na Cyriaque Muhawenayo