Day 1: Icaremwe Gitangaje Caneš
Dusomere hamwe: Zaburi 139:14 ' Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: Ibikorwa vyawe nāibitangaza; Kandā ivyo, umutima wanje urabizi neza. '
Wibaze iki kintu: Urya mu star ukunda mu muziki canke muri football, wibaza ko apfa kuja muri match canke kuririmba atabanje kuvyiyumvirako no kugira imyimenyerezo(Repetitions) ikwiye? Habe na mba! Aramara umwanya munini cane ariko arandika, ari mu ma repetitions, ivyo aza gukora vyose aravyiyumvirako bikwiye imbere yuko aja gukina canke aja kuririmba.
Uko niko Imana yakuremye. Ntiyakuremye ku gihamana(par accident). Yarafashe umwanya ukwiye, Iriyumvira ku tu details twose, hama irakurema mu rukundo rwayo. Ingene utwenga, ingene wiyumvira canke ingene utambuka, vyose birafise agaciro.
Irabe mu cirore(mu kiyo): wibwire nāijwi ryiyoroheje canke ryumvikana uti: "NAREMWE MU BURYO BUTEYE UBWOBA KANDI BUTANGAJE!"
Isengesho: Mana yanje, ndagushima ko wandemye muri ubu buryo butangaje. Ndagusavye ngo umfashe kwama nibona nkāicaremwe gitangaje cane. Mwā Izina rya Yesu Kristo, Amen
Support the show