Umugani wâababikijwe italanto
14. Bizoba nkâivyâ umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze. 15. Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, ukâ umuntu wese ashobora, aja mu mahanga. 16. Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurĆ«za, yungukamwâ izindi talanto zitanu. 17. Nâuwa zibiri abigenza artyo, yungukamwâ izindi zibiri. 18. Arikâ uwahawe imwe arÄ«gÄ«ra, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja. 19. Hashize igihe kirekire, shebuja wâabo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye. 20. Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemwâ izindi talanto zitanu. 21. Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 22. Haza uwari yahawe italanto zibiri, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemwâ izindi talanto zibiri. 23. Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 24.Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi kâurâ umuntu wâingÄre, wimbura ivyo utÄrimye, ukumakuma ivyo utÄsanzaje; 25. ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe. 26. Shebuja aramwishura, ati Wa muntu wanje mubi we, wa kinebge we, warâ uzi ko nimbura ivyo ntÄrimye, nkumakuma ivyo ntÄsanzaje. 27. Nuko warâ ukwiye kujana amahera yanje mu bayacurĆ«za, nanje nagaruka nkaronka ayanje nâinyungu yayo. 28. Nuko ni mumwake italanto, muyihe Ć«fise italanto cumi. 29. Kukâ Ć«fise wese azohabga, asesekarizwe: arikâ Ć«dafise azokwakwa nâico yarâ afise. 30. Nâuyo muntu wanje wâimburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya zâamenyo.
@ZeKrtvBible
Support the show